About
Ikaze mu kiganiro Wiriwe Maine co kuri uyu w'Imana.
Muri iki kiganiro, turagaruka ku kibazo c'imikorere y'Igipolisi kijejwe abinjira n'abasohoka muri Amerika, ICE (U.S. Immigration and Customs Enforcement).
Ku wa 7 uku kwezi kw'indwi, umwimukira akomoka muri Mexique yararashwe n'abakozi ba ICE mu gisagara ca Houston, muri Reta ya Texas. Hanyuma, ku wa 13 uku kwezi nyene, uwundi mwimukira akomoka muri Colombie na we yararashwe mu gisagara ca Biddeford, hano muri Reta ya Maine.
Izo mpfu zose zibiri zatumye haba inyifato zitandukanye. Ku ruhande rumwe, ubutegetsi bwa Amerika bwafashe ingingo zijanye n'itohoza ry'ivyo vyabaye. Ku rundi ruhande, amashirahamwe aharanira uburenganzira bw'abimukira n'impirimbanyi bakomeje imyiyerekano n'ubukangurambaga bwo kwamagana ibikorwa vya ICE.
Kugira dutahure neza ico ICE ari co, ingene ikora, ico izi mpfu zishobora kuvyara muri politike y'ibibazo vy'abimukira, na canecane ingaruka zishobora kugira hano muri Reta ya Maine, twatumiye umusesanguzi Jean Hakuzimana, asanzwe arongoye umugambi wo gutuza no gufasha abimukira muri imwe muri reta zo muri Amerika.
Iki kiganiro mushikirizwa na Eloge Willy Kaneza.
Murakoze kuduhitamwo.