zeno
Home
Explore
Religious
Music
News
Podcasts
Bible
By Genre
By Location
By Language
Download App
Log in
Sign up
Toggle Sidebar
zeno
WMPG
Wiriwe Maine
Society & Culture
Kinyarwanda
A new podcast from Amjambo Africa in Kinyarwanda/Kirundi.
Website
Episodes
50
21 December 2025
INTAMBARA ZIRAKOMEZA MURI RDC -UBUSHOBOZI BWA M23
Mu gihe Leta zunze ubumwe za Amerika zikomeje kwagiriza u Rwanda gufasha no gushigikira muvya gisirikare hamwe na politike umurwi wa M23 urwanira mu buseruko bwa Republika iharanira demokarasi ya Kongo, uwo muhari nawo ubandanya kwigarurira uduce dutandukanye harimwo utwimbukamwo ubutare bwinshi mbere bunakoreshwa cane na Amerika ubwayo mu buhinga bwa none. Ivyo bikaba mu gihe Uburundi n'u Rwanda...
1 h 0 min
30 November 2025
ABANYAMULENGE BARAMAGANA FDNB I MULENGE
Ishirahamwe " Mahoro Peace Association" rifise icicaro muri Amerika rikaba rigizwe n'abava mu bwoko bw'Abanyamulenge rimaze imisi ritunganya muri uku kwezi kwa 11 imyiyerekano izokomeza mukwa 12 mu miji n'ama reta bitandukanye muri Leta zunze ubumwe za Amerika. Iyo myiyerekano ni iyo kwiyamiriza ico uwo muryango wita " ihonyabwoko n'agatotezo bikorwa n'igisirikare c'Uburundi FDNB" ku Banyamulenge...
35 min
09 November 2025
KEVINE UBWIZA MAINE
Kaze mu Kiganiro " Wiriiwe Maine" co kuri uyu w-Imana itariki ya 9 ukwezi kwa 11 umwaka wa 2025. Twabazaniye Umunyarwandakazi Kevine Umutesi akora ibijanye n'ubwiza. Aratubwira ukuntu yakujije impano yiwe n'uko akorera abamugana. Ku bwiwe, ugutaka abakenyezi n'abakobwa canke kubakorera " maquillage" ni ikimenyetso co kwikunda kandi abantu barabikeneye. Mugumane natwe. Tunabafitiye amakuru...
59 min
19 October 2025
FDLR-IKARA
Kaze mu kiganiro wiriwe Maine co kuri uyu w'Imana. Tugaruka ku mutwe wa FDLR ukomeje gutuma imigenderanire hagati y'ibihugu bitatu vy'akarere ka Afrika y'ibiyaga binini -Uburundi-u Rwanda na Congo itosekara. Ingabo za Congo, FARDC, zasohoye itangazo kuwa 10 ukwezi kwa cumi umwaka wa 2025 zisaba inyeshamba za FDLR gushira hasi ibirwanisho zikishikana ku butegetsi bw'u Rwanda canke ku ngabo za ONU...
1 h 20 min
28 September 2025
BATIMBO ITEKA
Kaze mu kiganiro " Wiriwe Maine" co kuri uyu w'Imana. Tugaruka kw'iteka ingoma z'Uburundi ziserukiwe n'umurwi wa " Batimbo United" zatewe zishirwa mu murage ndangakaranga w'umuji wa Portland. Ni umurwa mukuru w'ubutunzi wa Leta ya Maine mu buraruko bwa Amerika. Muri kino kiganiro, Yves Karubu atwara uwo murwi aratubwira ico bisiguye hamwe n'imigambi we na begenzi be bafise muri kazoza.
27 min
17 August 2025
ABANYAMULENGE BARIBUKA KU NCURO YA 21 UBWICANYI BWA GATUMBA
Kaze mu kiganiro "Wiriwe Maine" co kuri uyu w'Imana. Tugaruka ku bwicanyi bwakorewe Abanyamulenge bari bahungiye mu Burundi muri 2004. Ku isi yose, ku ncuro ya 21 Abanyamulenge, amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu hamwe n'ayaharanira inyungu z'Abatutsi muri rusangi baributse muri uku kwezi kwa munani. Baracasaba ubutungane kandi biyemeje ko batazahemuka badatunganirijwe.
35 min
27 July 2025
IMYAKA 9 IRARUMANYE UMUMENYESHAMAKURU JEAN BIGIRIMANA ANYURUJWE
Godeberthe Hakizimana, umukenyezi w’umumenyeshamakuru Jean Bigirimana w’Umurundi yanyurujwe mu mwaka wa 2016, n’ubu aracasaba ubutungane n’ukuri kuvyashikiye umugabo wiwe. Amjambo Africa yamusanze mu muji wa Kigali ku murwa mukuru w’u Rwanda aho yahungiye. Yayibwiye ko n’ubu atazohumeka gusaba ubutungane bw-Uburundi gukora amatohoza yigenga kugira ukuri kumenyekane kuvyashikiye umunega wiwe....
41 min
07 July 2025
KARUMUNA-UBUCURUZI N'UBUSHINGANTAHE
Wiriwe Maine – Ikiganiro kuri Gloriose Karumuna, Umucuruza w’Umurundikazi muri Leta ya Maine Murakaza neza muri "Wiriwe Maine", ikiganiro kibazanira intahe, ubuhamya, n’akaranga k’abimukira baba mu buraruko bwa Leta Zunze Ubumwe za Amerika, cane cane muri Maine ariko tutibagiye n’ahandi ku isi.Muri kino gice, turaganira na Gloriose Karumuna, umukenyezi w’Umurundikazi amaze imyaka irenga 10 aba i...
57 min
08 June 2025
GUKOMEZA UBUCUTI BICIYE MU NKINO
Umurwi witiriwe Team 257 Maine-USA warakiriye mugenzi wawo wa FBM (Fraternité Burundaise de Montréal) wo muri Canada mu rukino rwo kwishura. Ni ama ekipe ya Basketball. Irushanwa ryabereye mu nzu y’imikino ku wa gatandatu igenekerezo rya 17 Rusama 2025, guhera isaha icenda z’umuhingamo (isaha yo muri Maine), ku kibuga ca Riverton Community Center mu muji wa Portland, Maine. Umukino warangiye Team...
45 min
18 May 2025
INYUMA Y-IMYAKA 9 ANYURUJWE, UMUKENYEZI W’UMUMENYESHAMAKURU JEAN BIGIRIMANA ARACASABA UBUTUNGANE
Godeberthe Hakizimana, umukenyezi w’umumenyeshamakuru Jean Bigirimana w’Umurundi yanyurujwe mu mwaka wa 2016, n’ubu aracasaba ubutungane n’ukuri kuvyashikiye umugabo wiwe. Amjambo Africa yamusanze mu muji wa Kigali ku murwa mukuru w’u Rwanda aho yahungiye. Yayibwiye ko n’ubu atazohumeka gusaba ubutungane bw-Uburundi gukora amatohoza yigenga kugira ukuri kumenyekane kuvyashikiye umunega wiwe....
43 min